Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani ya ruguru ishobora kuba igihugu kigira indwi muri Afrika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani ya ruguru ishobora kuba igihugu kigira indwi muri Afrika (...)

Sudani ya ruguru ishobora kuba igihugu kigira indwi muri Afrika y’ubuseruko

mercredi 18 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuyobozi guhuza Afrika y’ubuseruko n’izindi nzego, Simon Owaka, yavuze ko mu mwaka w’2011, Sudani yari yanditse isaba kwinjira mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Ico gihe ntiyemerewe kuko ata gihugu na kimwe kigize uwo muryango cahuza urubibe na Sudani ya ruguru. Ico gihugu casabwe ko kurindira Sudani y’epfo yemererwe.

PNG - 1.5 Mo
Omar al Bashir, umukuru w’igihugu wa Sudani ya ruguru

Kuva aho Sudani y’epfo yemerewe mu mwaka uheze kuba umunyamuryango wa Afrika y’ubuseruko, ikaba ihana urubibe na Sudani ya ruguru, biyemerera kwinjira mu muryango ariko bikaba biyisaba kwongera kubisaba.

Mu gihe Sudani ya ruguru yobisaba, ikongera ikemererwa, kizoba kibaye igihugu kigira indwi kigize uwo muryango inyuma y’Uburundi, Urwanda, Tanzaniya, Uganda, Kenya, hamwe na Sudani y’epfo.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.