Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzania: MSF imenyesha ko hakenewe kwubakwa iyindi kambi y’impunzi
Tanzania: MSF imenyesha ko hakenewe kwubakwa iyindi kambi y’impunzi
jeudi 2 Ntwarante 2017
Umukuru w’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe Medecins Sans Frontieres MSF amenyesha ko hejuru y’ikambi zitatu zakira impunzi mu gihugu ca Tanzaniya, hakenewe kwubakwa iyindi kambi yofasha kwakira impunzi.
David Nash arongoye ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF avuga ko ikambi za Nyarugusu, Mtendeli na Nduta zimaze kwuzura kandi umurindi w’abahunga ubandanya kwiyongera.
Umukuru w’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe David Nash avuga kandi ko bagumye basaba ko hokwubakwa iyindi kambi ariko, ata kirakorwa na Reta ya Tanzaniya, bigashobora gutuma indwara ziyongera.
David Nash yavuze kandi ko ingingo ya Reta ya Tanzania y guhagarika gutanga ubuhungiro ku barundi bahungira mu gihugu ca Tanzania ishobora gutuma haba ingaruka ku mfashanyo itangwa.
Impunzi 290 000, ni ukuvuga bitatu vy’impunzi bava mu Burundi.
IGIHE
Messages
2 Ntwarante 2017, 10:51, par Hafsa Mossi
Buri munsi hajabuka Impunzi 1000 z’Abarundi zihungira muri Tanzanie,none y’amahoro DD ihenda abantu ngo arahari ari hehe?kuba mu Burundi egale abayobozi babi, Kwicwa, Inzara,Cholera n’ibindi n’ibindi
2 Ntwarante 2017, 10:57, par Musaga
Vice President w’u Burundi ko atabeshuza aya makuru?hhahahha barabahinyuye sha,impunzi 1000 zirajabuka buri munsi,akari inyuma karahinda
2 Ntwarante 2017, 16:10, par Hutsi
Bitatu vyimpunzi bava mu Burundi, ivyobisigura iki?
2 Ntwarante 2017, 16:21, par kiduda bonaventure
ariko kwa nkurumbi bavuga ko mu burundi ari amahoro birirwa barabesha ngo impunzi ziri hanze ngo zitahuke amahoro ni 100%
3 Ntwarante 2017, 08:07, par Sibomana Desire
Nukuvugako None Abobahunga Mubabajije Bavugako Bahungiki
3 Ntwarante 2017, 08:35, par sembwa
ni hatari
5 Ntwarante 2017, 16:44, par .
Nabarenga igihumbi nibabakire twebwe uwotuzohigura nuwozoshaka kuzana akayaga kerekeza kuntambara.
Nayo kubera inzara yatewe numwimbu wagenzenabi abarundibacu hakwicwa ninzara baraheza bakagenda nubuhungiro maze bakavuga ibinezereza ababakira, kuko murabiziko bavuze kobahunze inzara kobatobakira.
16 Ntwarante 2017, 16:49, par Leonidas
Bakabirukana Twebwe Kotubayeho Atankomanzi Nyimbahunga Inzara Nivyany.Ikomerere Mutama Nkurunziza, Mwabahutu Muribagiye Abatuts Ayobadukore .