Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya : Abakobwa batanu bafise inda n’abavyeyi babo bahagaritswe (...)
Tanzaniya : Abakobwa batanu bafise inda n’abavyeyi babo bahagaritswe n’igiporisi
mardi 9 janvier 2018
Ico gikorwa cabereye mu bumanuko bw’igihugu ca Tanzaniya, aho igituguru c’abakobwa batwara inda bakiri kw’ishuri ari kinini, gusumba mu bindi bice vy’igihugu.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abaharanira agateka ka zina muntu, batashimishijwe n’iyo ngingo, bavuga ko abagabo batera inda abo bana ari bo bategerezwa guhagarikwa.
Ayo makuru nyene amenyesha ko ubushakashatsi buheruka gukorwa bwerekanye ko ica kane c’abakobwa bafise hagati y’imyaka 15 na 19 muri Tanzaniya ari abavyeyi, canke bamaze gusama inda ya mbere.
MUGISHA Van Naris
Messages
9 juillet 2018, 08:11, par Ndikumagenge felix
Kweri mbona abavyeyi babo bana batari bakwiye gupfungwa ahubwo abobagabo baterinda abobana nibobaribakwiye guhanwa bikomeye hisunzwe amategeko yico gihugu uko abivuga