Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya : Abantu 7 bagirizwa gutunganya imyiyerekano bafashwe
Tanzaniya : Abantu 7 bagirizwa gutunganya imyiyerekano bafashwe
mercredi 25 avril 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko icegera c’umukuru w’igiporisi i Arusha , Yusuph Ilembo yamenyesheje ko abatawe muri yompi bafashwe inyuma y’amatohoza yakozwe n’abajejwe umutekano.
Naho abafashwe bataramenyekana, abaribo ayo makuru abandanya avuga ko bamwe muri abo ari abanyeshure ba kaminuza.
Yusuph Ilembo yavuze ati :’’Reta ntizorera amaboko,iyi myiyerekano ntiyemewe n’amategeko ntituzokwemera gukinishwa n’abantu bari k’urushi bashaka guhungabanya amahoro y’igihugu.’’
Umutanzaniyakazi Mange Kimambi asanzwe aharanira agateka akorera ku mbuga ngurukanabumenyi yasavye ko hokorwa imyiyerekano yo kwiyamiriza Reta mu gihugu cose kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza ,yasiguye ko hibonekeza ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu hamwe n’igabanuka ry’umwidegemvyo mubijanye na poritike.
Reta ya Tanzaniya yamenyesheje ko iyo myiyerekano niyo yatunganywa izoba idakurikije amategeko.
Ayo makuru dukesha BBC, avuga ko umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuli yavuze ko ingingo zikomeye zizofatwa ku bantu bazokwitaba iyo myiyerekano.
Igenekerezo rya 26 Ndamukiza iyo myiyerekano itegekanywa gukorwa n’igenekerezo aho igihugu cama cibuka buri mwaka ukwiyunga kw’igihugu ca Tanganyika n’igihugu ca Zanzibar,uyu mwaka hazoba haheze imyaka 54 ivyo bihugu bigiye hamwe bikaba igihugu arico Tanzaniya.
MUGISHA Van Naris
Messages
25 avril 2018, 18:46, par Uwimana Diedonne
Muratanguye:no mu Burundi Vyatanguye Uko : Emwe Isi Yaheze.Ivyavuzwe Biriko Birashika !!!
27 avril 2018, 11:28, par xx
Abo bateza ibibazo ni babarase
5 mai 2018, 12:15, par Pasco
Baraba Magabo Ntibijajare Nkatwe Abarundi Muri 2015.Babamese Pe !