Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya:Abaporisi 6 bafashwe bagirizwa urupfu rw’umunyeshuri wo muri (...)
Tanzaniya:Abaporisi 6 bafashwe bagirizwa urupfu rw’umunyeshuri wo muri kaminuza
lundi 19 février 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko, abandi baporisi 40 nabo nyene bariko barakorwako amatohoza ku bijanye n’urwo rupfu.
Ishirahamwe ry’abanyshure bo muri Kaminuza ryasavye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Mwigulu NCHEMBA gutanga imihoho kubera urwo rupfu.
Abdul Nondo arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure biga muri Kaminuza muri Tanzaniya yamenyesheje ko niyo uwo mushikiranganji atatanga imihoho umukuru w’igihugu akwiye guca amwirukana mu kazi ajejwe.
Abdul Nondo yavuze ati :’’Bivuye kuri urwo rupfu hamwe n’abandi bantu bamaze kuburirwa irengero, hari hageze ko Mwigulu afata ingingo yo gutanga imihoho’’.
Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe MAGUFULI yasavye abajejwe umutekano gukora amatohoza hamwe no gufata ingingo zose zishoboka ku bantu bagirwa n’urwo rupfu.
Reta y’igihugu ca Tanzaniya yamenyesheje ko izotanga ibizokenerwa vyose mu gushingura uwo munyeshure ariyo izobitanga.
Akwilina AKWELINE w’imyaka 22 yarashwe ari mu modoka mu mpera z’indwi iheze ariko igihe igiporisi cariko kigerageza gushiragiza abanyawanyi b’umugambwe CHADEMA bari mu myiyerekano.
BIKORIMANA Vianney
Messages
19 février 2018, 13:41, par ange
ibya police ya Tanzania ninkibya Police ya Kenya na congo bose ningegerera