Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya : Umukuru w’igihugu yasavye abagabo kubana n’abagore barenga (...)
Tanzaniya : Umukuru w’igihugu yasavye abagabo kubana n’abagore barenga umwe
lundi 26 février 2018
Ari mu gisagara ca Dar-Es-Salaam,John Magufili yavuze ko abigeme ari benshi muri ico gihugu kurusha abagabo, ari naco gituma abigeme batubatse bakora ubusambanyi cane n’abagabo bubatse.
Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufili yavuze ati :« Si itegeko ndabahaye, ariko kubabishoboye ndabateye intege zo kwabira abakenyezi babiri canke barenga mu ntumbero yo kugabanya igitigiri c’abigeme batubatse . »
John Pombi Magufuli yavuze ko abigeme bo mu gihugu ca Tanzaniya bafise amarira adahera bivanye n’imibereho yabo yo kubura abagabo bubakana, bakabafasha no mu buryo bwo kubaho.
Ibiharuro vyerekana ko,igihugu ca Tanzaniya gifise abanyagihugu imiriyoni 70, muri abo, imiriyoni 40 n’abakenyezi, mu gihe imiriyoni 30 ari abagabo.
Callixte Carpe NDIKUMANA
Messages
26 février 2018, 17:14, par Nyamitwe
Komera Mutbama Magufuli Urincabwenge Pee !!Atabo Bakegesi Bicaye Kubarundi Bagahendawa Nabagore Babo Ngo Abarundi Ntibaharike Kandaribenshi Muburundi.Imana Ikuzigame Urumugabo Koko.Imana Ibazigize Abakuru Buburundi.
27 février 2018, 16:57, par Olivier Eklesie
Mbega Mbega Isi Iri Kumusozo !!! Ivyo Bintv Biratey Ubwoba Vrt.