Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya : Umunyaporitike atavugarumwe na Reta yishwe atemagujwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya : Umunyaporitike atavugarumwe na Reta yishwe atemagujwe (...)

Tanzaniya : Umunyaporitike atavugarumwe na Reta yishwe atemagujwe umuhoro

samedi 24 février 2018

Godfrey Luena yishwe yari yatorewe guserukira akarere ka Namwawala muri Morogoro, akaba ari umunyaporitike wa kabiri utavuga rumwe n’ubutegetsi yishwe, mu ndwi zibiri.

Icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe Chadema, John Mnyika, avuga ko Luena yasohotse mu nzu agiye kuraba ivy’umuyagankuba wari wacitse muhira iwe, aca atemwa n’abantu batamenyekana.

John Mnyika yemeza ko ubwo bwicanyi bushingiye ku mvo za poritike, agasaba ko hakorwa amatohoza yihuse, kugira hamenyekane icinyegeje inyuma yavyo.

Yavuze ati :“Bitumwe n’ibikorwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu, kunyuruzwa, no kwica abarongozi bacu, inzego za Reta zitegerezwa gufata ibi bintu mu buryo bukomeye. Hakenewe igikorwa cihuta c’igiporisi.”

Avuga ko Luena yari amaze igihe atumvikana n’inzego z’intwaro ku rwego rwo hasi hamwe n’umugambwe uri ku butegetsi , ku ngingo yo kwaka abanyagihugu amatongo ku nguvu.

Urupfu rwa Luena ruremezwa n’Umuyobozi w’igiporisi muri ako gace, Ulrich Matei, yavuze ko icatumye urwao rupfu kitaramenyekana kandi ko n’abicanyi bakironderwa.

Umukuru w’umugambwe Chadema, Freeman Mbowe,yagiriza umugambwe uri ku butegetsi CCM, kuba uri inyuma y’ubwo bwicanyi kuko ushaka gufata kimwe kimwe ku nguvu, ariko umugambwe CCM uravyiyamiriza.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • urwishigishiye ararusoma ..
    ubundi nigute umuntu muzima utadite abasirikare nimbunda yakumvako agiye guhangana nubutegetsi buyoboye igihugu ??? abantu nkaba baba bararindagiye reka bapfe

  • Ntukifurize uwundi urupfu kuko mudahuje ivyiyumviro vya politike. Ni ubunyamaswa bwo kwiyamiriza ahubwo. Ntavyo ndakwifurije ; ; ; ;

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.