Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya yemeye kwubahiriza umutekano w’Abarundi bari i Arusha mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Tanzaniya yemeye kwubahiriza umutekano w’Abarundi bari i Arusha mu (...)

Tanzaniya yemeye kwubahiriza umutekano w’Abarundi bari i Arusha mu biganiro

lundi 27 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo ryahawe abamenyeshamakuru, umuhuza yamenyesheje ko iyo ncuro igira kane y’ibiganiro izohuza bose, atawukumiriwe, aho akavuga abatumiwe, nka Reta y’Uburundi, abahoze ari abakuru b’igihugu c’Uburundi, imigambwe 32 yemewe n’amategeko y’Uburundi, abanyeporitike batandukanye yaba ababa mu Burundi, abahunze Uburundi, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abaserukira abakenyezi, urwaruka, hamwe n’abihebeye Imana.

Muri izo ndwi zibiri bagiye kumara i Arusha, umuhuza amenyesha ko bazoganira ku ngingo nyamukuru z’ivyokorwa kugira amatati ya poritike y’Uburundi atorerwe inyishu.

Iryo tangazo ry’umuhuza ntirimenyesha ariko namba ivyo biganiro vyoba bibaye ivya nyuma bibereye hanze y’Uburundi, nk’uko bivugwa na bamwe mu banyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bafise amakenga ko ivyo biganiro bishobora gutahukanwa mu Burundi.

Iyo ncuro ya kane y’ibiganiro niyo ya mbere izoba imaze iminsi myishi, kuko abaganira bagiye kumara iminsi cumi n’ine i Arusha.

Umuhuza atanze umwizero ku mutekano w’abari mu biganiro mu gihe hari amashirahamwe 18 adaharanira ivyicaro vya poritike yandikiye umuhuza mu biganiro vy’Abarundi, Yoweri Kaguta Museveni, umukuru w’igihugu ca Uganda, amumenyesha ko atazokwitaba ibiganiro bihuza Abarundi bizotangura kuri uwu wa mbere mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya. Umutekano w’abarongoye ayo mashirahamwe uri mu vyatumye iyo ngingo y’ukutazoja i Arusha ifatwa.
Muri iryo kete ryarungikiwe umuhuza Yoweri MUSEVENI, abakuru b’amashirahamwe atazoja i Arusha yamwibukije ibihe biheze, aho hari abarongoye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bahatswe guhagarikwa mu gihugu ca Tanzaniya, abo nabo akaba ari Pacifique NININAHAZWE arongoye ishirahamwe FOCODE, hamwe na Armel NIYONGERE arongoye ishirahamwe ACAT.

Abaserukira ayo mashirahamwe bamenyesha ko hamwe ico gihugu ca Tanzaniya kitofata ingingo zikwiye z’ukwubahiriza umutekano wabo, ko ivyo biganiro vyotwarwa mu kindi gihugu cizewe.

Amwe muri ayo mashirahamwe yashikirije ko atazoja mu biganiro i Arusha ni ayahagaritse gukorera mu Burundi, aho twobabwira nka APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues) ya Petero Karaveri MBONIMPA, FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) irongowe na Pacifique NININAHAZWE, FORSC (Forum pour la Renforcement de la Société Civile) ya Vital NSHIMIRIMANA, Ligue ITEKA, UBJ, n’ayandi. Tubibutse ko na CNARED itazokwitaba ivoy biganiro.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.