Accueil > Amakuru > Poritike > Thacien SIBOMANA yakuwe mu mabanga yo kuvugira umugambwe UPRONA utemewe (...)
Thacien SIBOMANA yakuwe mu mabanga yo kuvugira umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi
dimanche 15 Nzero 2017
Umuvugizi w’umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi Thacien SIBOMANA yarahagaritswe muri ayo mabanga n’umukuru w’uwo mugambwe Charles NDITIJE.
Ingingo ihagarika Thacien SIBOMANA yasohotse mw’ijoro ryo kuwa kane igenekerezo rya 13 Nzero 2017.
Amakuru ava mu begereye umugambwe UPRONA avuga ko Thacien SIBOMANA yakuwe muri ayo mabanga ,inyuma y’ivyo yashikirije ku butumire bw’umuhuza mu matati y’abarundi Benjamin Mkapa ,mu biganiro vyo guhanahana ivyiyumviro ku matati ari mu Burundi.
IGIHE
Messages
15 Nzero 2017, 18:57, par Nema
Abo niko bamye bahindure ntibahindure vyose nico kimwe ntaciza nakimwe cigeze kiva mumugambwe Uprona .
15 Nzero 2017, 20:47, par TINYA
Arakabogozwa nkabirya yavuze ni ibintu?
15 Nzero 2017, 22:24, par mzoyihera intagoheka
Kumubogoza birakwiye cane, kuko ntagituma kiriho cotuma abandanya kubumuvugizi wumugabwe!? kuvuga yuko ashobora kwitaba ibiganiro vyu wahoze arumuhuza, biboneka yaremeye kwarumusazi. Nukuri ndabivuge ndabisubire umuntu iyamaze kukwita kurumusazi abarumwasi wawe.
16 Nzero 2017, 05:54, par ISSA
ISSA