Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkia : Abashingamateka icenda bari mw’ibohero
Turkia : Abashingamateka icenda bari mw’ibohero
vendredi 4 Munyonyo 2016, par
Abategetsi babiri b’umugambwe w’aba kurde, People’s Democracy (HDP), bari mw’ibohero hamwe n’abandi bashingamateka icenda.
Salahattin Demirtas na Figen Yuksekdag bapfungiwe ku mihana yabo mu gihe bariko barabagirako amatohoza y’iterabwoba, nk’uko abo mu nzego zijejwe umutekano babibwiye ibinyamakuru vyo muri Turkia.
Inyuma y’amasaha make Demirtas afatiwe i Diyarbakir, imodoka itezwemwo bombe yaciye ihaturikira, ikomeretsa abantu 20.
BBC ivuga ko imodoka zitwara abarwaye zaboneka zigira uruja n’uruza aho ico kibombe caturikiye, hakaba hari n’inkuru ko umuntu yoba yapfiriye hagufi inzu y’igiporisi. Umupfasoni Yuksekdag nawe apfungiwe ku mugwa mukuru Ankara.
Igihugu ca Turkia kiracagengwa n’ibihe bidasanzwe vyashizweho inyuma y’igeragezwa ry’itembagazwa ry’ubutegetsi.
Ivyo bihe bidasanzwe igihugu kirimwo biha akaryo umukuru w’igihugu Recep Tayyip Erdogan hamwe na Reta yiwe, ko gufata ingingo batarinze kubaza inama nshingamateka, ari navyo bituma haba ukugabanya canke kubuza uburenganzira bwo kwishira no kwizana.
IGIHE
Messages
5 Munyonyo 2016, 14:16, par Abduul
Jew Ndumva Borekurwa Kuko Ntakibagira
9 Munyonyo 2016, 08:08, par nsaguye andré
nibabatohoze nabonyenebarashoborakuba ivyigomeke.