Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkia : Abasirikare bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi baciriwe (...)
Turkia : Abasirikare bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi baciriwe urubanza
jeudi 5 Gitugutu 2017, par
Muri abo bantu 30 baciriwe urwo rubanza, benshi muribo ni intwazangabo zo ku rwego rwo hejuru, bakaba bagirizwa ko bagerageje kugandagura umukuru w’igihugu, umunsi haba ugushaka gutembagaza ubutegetsi.
Abo basirikare b’intwazangabo bagirizwa ko ukwo gushaka kugandagura umukuru w’igihugu babikoze mu gitero bakoze kw’ihoteri iri mu gisagara ca Marmaris, hafi y’aho umukuru w’igihugu Erdogan yari muri uwo mwanya haba ugushaka gutembagaza ubutegetsi bwiwe.
Muri ico gitero, abaporisi babiri barahasize ubuzima.
Egide NDUWIMANA