Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Turquie: Abantu 39 baguye mu gitero cakozwe mu nzu y’ubutambiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turquie: Abantu 39 baguye mu gitero cakozwe mu nzu y’ubutambiro

Turquie: Abantu 39 baguye mu gitero cakozwe mu nzu y’ubutambiro

lundi 2 Nzero 2017

Abantu 39 nibo bahitanywe n’igitero cabaye mu nzu y’ubutambiro Reina ku murwa mukuru w’igihugu ca Tirikiya Istanbul, mu gace ka Ortakoy.

Umushikiranganji ajejwe intwaro mu gihugu ca Tirikiya Suleyman Soylu yavuze ko muri abo bapfuye harimwo abanyamahanga bashika 15, bahitanywe n’igitero c’umugabo yitwaje inkoho.

Suleyman Soylu yavuze kandi ko igipolisi mu gihugu ca Tirikiya kibandanya kurondera uwo mwicanyi, nayo abakomeretse bakaba bariko bavurirwa mu bitaro ngaho nyene mu gisagara ca Istanbul.

Ababonye uko ico gitero cakozwe, bavuga ko uwo mugabo yarasa adacaguye mu gihe abantu bari muri iyo nzu bagizwe ahanini n’ingenzi n’abatunzi bariko bahimbaza umwaka mushasha wa 2017.

Umukuru w’igihugu ca Tirikiya Recep Tayyip Erdogan yavuze ko ico gitero cari gifise intumbero yo kuzana akajagari mu gihugu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.