IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UA isaba amatohoza yigenga ku rupfu rw’umushikiranganji Emmanuel (...)

UA isaba amatohoza yigenga ku rupfu rw’umushikiranganji Emmanuel Niyonkuru

mercredi 4 Nzero 2017

Umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika umupfasoni Nkosazana Dlamini Zuma asaba abarongozi mu Burundi gushira imbere inzira z’amahoro mu kurangiza amabi akorwa mu gihugu.

Mw’itangazo yashize ahabona inyuma y’urupfu rw’umushikiranganji Emmanuel Niyonkuru yahora arongoye ubushikiranganji bw’ibidukikije,amazi no gutunganya ibisagara, Nkosazana Dlamini Zuma yiyamiriza ubwo bwicanyi agahoza kandi umuryango, Reta y’Uburundi hamwe n’abarundi bose.

Muri iryo tangazo umukuru w’isihirahamwe ry ‘Ubumwe bwa Afrika asaba ko hoba amatohoza abaye mu muco kandi yigenga, akamenyesha ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ribonako ibiganiro atawe bikumira hamwe n’umwumvikano ushingiye ku masezerano ya Arusha ,arivyo bizotuma Uburundi buronka amahoro n’umutekano.

Emmanuel Niyonkuru yarasiwe imbere y’umuhana iwe , kw’igenekrezo rya 1 Nzero 2017, avuye kwivuna akanyota.


IGIHE

Messages

  • Uwo mungore wanaka yabayegute gayemwe!?
    Ashatse kuvugako hobibiganiro nabobaraye bishe umushikiranganji!?
    Nambabazi nabanze abatubwire kwanza hanyuma ibindibirakurikira.

  • NONE ABAMUCUNGERA BARI BARABAMWATSE CANKE ?

  • Uyo M0gore Ngaho Avuzi ?

  • NDAHOJEJE UMURYANGO WIWE. HAMWE NA LETA YUBURUNDI IMANA IBANE NAMWE MURAYA MAGUME MURIMWO ATARI MUBURUNDI NTA MUSHIKIRANGAJI AJA MUKABARE KANDI AGENDIJORO .ATAVUYE MUBUMWA BWIGIHUGU CIWE KIBA CAMUTUMYE . NAHO NYENE , ABARIKUMWE NABAMUCUNGERA .BASHINGANTAHE ; NTANYUNGU YO KUNYWA IHARI !! BIRATANGAJE KUBONA UMUNTU WICUBAHIRO ; NGO BAMURASHE AVUYE KUNYWA !!!. NTAWE NDUMVA YAHAWE AGASHIMWE KO KUNYWA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.