Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubumwe bwa Buraya na Afrika bwemeranije kutarungika abasirikare muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubumwe bwa Buraya na Afrika bwemeranije kutarungika abasirikare muri (...)

Ubumwe bwa Buraya na Afrika bwemeranije kutarungika abasirikare muri Libiya

jeudi 30 novembre 2017

Ikibazo c’abimukira badandazwa mu gihugu ca Libiya caravuzwe cane mur’iyo nama kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 29 Munyonyo 2017 ihuza abaserukira Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, ubumwe bwa Afrika hamwe na ONU.

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron aho yariko atanga ikiganiro kw’iradiyo RFI yari yavuze ko bibaye ngombwa inteko mpuzamakungu za gisirikare zorungikwa mu gihugu ca Libiya mu ntumbero yo gukinga no guhagarika burundu idandazwa ry’abantu.

Inyuma y’umwiherero izo mpande zose zemeranije ko inteko za gisirikare zidakenewe, ariko bahurije ko hobanza hakamenyekana abashikiwe n’ubwo bubisha bakabakura mu gihugu ca Libiya, hama bakagwanya inzira zose urudandazwa rw’abantu rucamwo, hakamenyekana ababikora bagafatwa hamwe n’ababafasha kubijanye n’uburyo bagafatwa.

Twokwibutsa ko iyo nama rukokoma iriko ibera i Abidjan muri côte d’Ivoire iriko ihuza ibihugu 28 vya Buraya, n’abaserukiye umugabane wa Afrika bashika 5000. Uburundi bwoba butaserukiwe mur’iyo nama.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.