Accueil > Amakuru > Mu makungu > UE yatanguye kuduza amakori ku bidandazwa biva muri Amerika
UE yatanguye kuduza amakori ku bidandazwa biva muri Amerika
vendredi 22 juin 2018
Amakuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi rwa BBC, amenyesha ko iryo yongerezwa ry’ikori rishasha ryatangajwe n’ishirahamwe rya UE ryerekeye ibidandazwa biva muri Amerika nk’ibinyobwa bikaze, ipikipiki zikoreshwa muri Amerika co kimwe n’amazi y’amatunda hamwe n’imicungwe.
BBC ivuga ko, ukwo kuduza ikori kw’ishirahamwe rya UE nk’ingingo yo gusubiriza mu nkoko Amerika bizogira ingaruka ku bintu bihingurwa na Harley Davidson, ibintu bihingurwa mu biyoba, bizoduzwako ikori gushika ku bice 25 kw’ijana, amahera angana n’ama euro 2.8, iyo ngingo ikaba itangura gushirwa mu ngiro kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 22 Ruheshi 2018.
Umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya Jean-Claude Junker yavuze ko amakori mashasha ya Amerika kuri iryo shirahamwe atajanye na kahise k’imigenderanire yari ihasanzwe mu vyerekeye ubudandaji hagati ya UE na Amerika.
IGIHE