Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UEFA : FC Barcelone waronse uburenganzira bwo gukina igice ca kane gishira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > UEFA : FC Barcelone waronse uburenganzira bwo gukina igice ca kane gishira (...)

UEFA : FC Barcelone waronse uburenganzira bwo gukina igice ca kane gishira ica nyuma

jeudi 15 mars 2018

Ku munota wa gatatu gusa w’urukino, umusatirizi w’umurwi FC Barcelone Lionel Messi yinjije igitsindo ca mbere c’umurwi FC Barcelone, ku mupira weneye yarondeye awucisha hagati y’amaguru y’umunyegori wa Chelsea.

Ku munota wa 20 w’urukino, Lionel Messi nyene yahaye umupira mwiza umukinyi Ousmane Dembele, aca yinjiza igitsindo ca kabiri ca FC Barcelone, igice ca mbere gica gihera ari ibitsindo bibiri vya FC Barcelone Ku busa bwa Chelsea.

JPEG - 26.3 ko
Lionel Messi ahimbaza igitsindo yari ahejeje kwinjiza

Mu gice ca kabiri umurwi wa Chelsea waje usatira cane, gushika naho umurwi wa Chelsea waronse uburyo bubiri bwo gutera mw’igori, ariko umupira ugarurwa n’igiti c’igori.

Ku munota wa 63 w’urukino, umukinyi Lionel Messi yinjije igitsindo ca gatatu c’umurwi FC Barcelone, icizere c’umurwi wa Chelsea co kubandanya ihiganwa gica kirahera, urukino ruhera ari ibitsindo bitatu vya FC Barcelone ku busa bwa Chelsea.

Umurwi F Barcelone ubaye umurwi w’umunani uronse uburenganzira bwo gukina igice ca kane gishira ica nyuma, Lionel Messi akwiza ibitsindo ijana yinjije mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyo ku mugabane wa Buraya.

Mu rukino rwari rwatanguye kuba, umurwi Bayern Munich wari watsinze Beskitas ibitsindo bitatu kuri kimwe, nawe uca uba uwundi murwi uronse uburenganzira bwo gukina igice c’umunani gishira ica nyuma.

Imirwi umunani izokina igice ca kane gishira ica nyuma ni : Real Madrid, Juventus de Turin, Liverpool, Manchester City, FC Séville, AS Roma, Bayern Munich na FC Barcelone.

Gutora uko imirwi izohura bizoba kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018, isaha zitandatu z’umutaga, mu gisagara ca Paris.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.