Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Abantu 11 bapfuye bahitanywe n’imbeho
USA : Abantu 11 bapfuye bahitanywe n’imbeho
jeudi 4 janvier 2018
Abahinga mu bijanye n’ibirere bameyesheje ko igipimo c’imbeho kiri hejuru kizobandanya na cane cane mu bice vy’intara ya Florida yaho muri Amerika, iyo nayo
yatanguye igihe c’umusi mukuru wa Noweri.
Vyitezwe ko hashobora kuba umuyaga mwinshi uturutse kurii yo mbeho bivugwa ko ishobora guhera mu mpera z’iyi ndwi.
Amakuru ava aho muri Amerika ashikiriza ko iyo mbeho iri ku gipimo co hejuru ishobora gutuma ibiti hamwe n’inyubako zitandukanye vyononekara,bikaba vyatumye amashure menshi mu bice bitandukanye yugara.
Ibisagara vyitezwe ko bishobora kugira ingaruka zivuye kuri iyo mbeho ni Boston hamwe n’igisagara ca Orlando co mu ntara ya Florida.
BIKORIMANA Vianney
Messages
5 janvier 2018, 07:21, par HAVYARIMANA Juvénal
Birababaj ku gihugu giteye. imbere nka USA
5 janvier 2018, 15:32, par fabien nkurunziza buzizi
Andika hano biranezeye cane ku bona ibiganiro bishoboka kugururwa maze hakaboneka amahoro murivyo bihugu bibiri. imana ibifashe amahoro aboneke
5 janvier 2018, 17:34, par niyonkuru innocent
no way because it no possible