Home > Amakuru > Mu makungu > USA: Abantu 13 bahitanywe n’ibihomoka muri Kariforoni
USA: Abantu 13 bahitanywe n’ibihomoka muri Kariforoni
Wednesday 10 January 2018, by
Nk’uko tubikesha iradiyo BBC , Amakuru ava mu bajejwe intwaro aho muri Kariforoni amenyeshako abantu bangana 163 barajwe mu bitaro muribo 20 bakaba bafise ibikomere bikomeye vyatumwe n’iyo mvura y’isegenya.
Abajejwe umutekano bo murako gace bashikirije ko aho haguye iyo mvura y’isengenya hasa n’ikibuga c’ingwano mu gihe c’intambara ya mbere y’isi yose.
Bivugwa ko iruhande y’abantu baburiwe irengero yuko igitigiri c’abantu bapfuye gishobora kuduga .
Benshi mu batuye aho muri Kariforoniya bategetswe kuva mu mihana yabo .
Mwomenya ko ari ncuro ya kabiri abanyagihugu bo muriyo ntara bategekwa kuva mu mihana ,ubwambere bategetswe kuva mu mihana yabo igihe hatera umuriro mwinshi ubu naho bakaba bategetswe kuva mu mihana yabo kubera imvura y’isegenya.
Bikorimana Vianney
Forum posts
10 January 2018, 20:52, by Sindaruhuka Fabien
Andika hano Iyomiryango Yabuze Yihangane Turabahoje