Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA: Abarusiya 35 bahawe amasaha 72 yo kuba bavuye muri Amerika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Abarusiya 35 bahawe amasaha 72 yo kuba bavuye muri Amerika

USA: Abarusiya 35 bahawe amasaha 72 yo kuba bavuye muri Amerika

vendredi 30 Kigarama 2016

Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cafashe ingingo yo kwirukana abakozi 35 b’abarusiya bakorera mu buserukizi bw’Uburusiya muri ico gihugu. Bagirizwa kuba baragize uruhara mw’itsindwa rya Hillary Clinton mu matora y’umukuru w’igihugu yatsinzwe na Donald Trump.

Ku ngingo y’umukuru w’igihugu Barack Obama, yatanze itegeko ryo kwugara kandi ibigo bibiri bikorera mu bisagara vya Maryland na New York, vyakoreshwa n’Uburusiya mu kwegeranya amakuru .

Umukuru w’igihugu Barack Obama yategetse ko hafatwa ingingo zikomeye ku Burusiya, inyuma yo kwagiriza ico gihugu ko cabuye ibiri mu mashini nyabwonko mu ntumbero yo gushaka ko Hillary Clinton yitoje mu matora ku ruhande rw’abademocrates atsindwa.

Uburusiya burahakana ivyo bwagirizwa, bukamenyesha ko ata ruhara na rumwe bafise mu bikorwa vyo uruhara urwo arirwo rwose muri ivyo bikorwa vyo kwabura amakuru ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin yavuze ko Uburusiya bwiyemeje gusubiriza mu nkoko Reta Zunze Ubumwe za Amerika,kandi ko bishobora kubangamira cane Amerika.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu bumenyesha ko Abarusiya 35 bo mu biro vy’uwuserukira Uburusiya biri i Washington DC , n’ubuserukizi buri mu gisagara ca San Francisco, bahawe amahasa 72 kugira babe bakuye akarenge ku butaka bwa Amerika.

Vyitezwe ko Uburusiya nabwo bushobora kubasubiriza mu ndumane mu kwirukana abaserukira Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Reta zunze UBumwe za Amerika zimenyesha ko ivyo bihano vyerekeye abafise uruhara mu kwononera itunganywa ry’amatora canke inzego.


IGIHE

Messages

  • obama urapfuye nkibwa wangara ushaka gusiga wononye vyose reka gutera igereryanyuma wew ubutegetsi bwaw bwarangiye natahe ivyiwe vyananiwe

  • Ewe Obama Utwwaruye Nabi Urakenyeye Utembe Wononye Amerika Nabagenz Bayo ? Temba Hari Hageze Nimba Hatarengeranye.

  • Obama Agira Asige Yononye America Kabisa Natembe Yitembane .

  • kumbe n,abanyamerika barikubutegetsi ubwenge burabaruka? ariko bakigira abatanga amategeko bananiwe n,uburundi hamwe na siriya none bitaye ku burusiya ivyo vyerekana ko ingoma y,amerika iriko irashira.Irambire piter irambire putine irambire siriya amerika ya obama cini hasi amakungu yose turakugaya

  • Obama, nabany’Amerika batamwihinduye arabasiga ahantu habicane, kuko mwibuke kwariwe mukuru wigihugu wambere w’America atwaye agasiga asenyaguye Africa, uburero nabany’Amerika batamwihinduye arabasiga mumuriro vyasebikunze kandi batamwigaranzuye bitarenze le 15/01/2017 inyumayaho bazoca bawota, ariko kubera Imana yabahaye Trump bashobora kuzowuzimya bakoresheje amasengesho maze Trump na Putin bagafataniriza hamwe mukwiyubaka nokwubaka ibihugu vyabo bahagarariye.

  • Amerika Ngo Democracie Ntayo Kabisa None Obama Yashaka Ko Hatwara Uwo Mukecuru Kugira Azomunyegereze Amabi Yakoreye Ibihugu ? Agiye Kurangiza Nabi Kweri !

  • Abanyamerika Nabo Uwahangamye Isirayel Wese Azobona Ivyago Genda Obama Wari Waratevye Bisira Umugabo Yikorere!

  • Fukuza iyo mihimbiri yibisuma bajagushigikira ubusuma bibaza ngo ntibizomenyekana,urumugabo Obama komera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.