Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Abarusiya birukanywe batanguye gutahuka mu gihugu cabo
USA : Abarusiya birukanywe batanguye gutahuka mu gihugu cabo
dimanche 1er avril 2018
Amakuru dukesha iradiyo Ijwi rya Amerika, amenyesha ko Anatoli Antonov aserukira igihugu c’Uburusiya I Washington, yabwiye abanyamakuru ko Reta y’Uburusiya yarungitse indege zibiri zo gutahukana abakozi mu buserukizi bw’Uburusiya,bari mu bisagara bitandukanye vya Amerika.
Ugutosekara kw’imigenderanire hagati y’Uburusiya na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kwatanguye inyuma y’igitero c’uburozi bw’ubumara ku murusiya Sergei Skripal, yahoze ari umusumyi w’urusaku ku butaka bw’Ubwongereza n’umukobwa wiwe Yulia Skripal, cagirizwa Uburusiya.
Ibihugu 18 birimwo Amerika vyirukanye abakozi b’ubuserukizi bw’Uburusiya barenga 100, Amerika yonyene ubwayo yirukanye abashika 60, bari kumwe n’imiryango yabo bashika kw’171.
Igihugu c’Uburusiya kibandanya guhakana ivyo cagirizwa, ko cararoze Sergei Skripal n’umukobwa wiwe Yulia Skripal.
MUGISHA Van Naris