Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA: Abashingamateka batoye itegeko rishiraho ibihano bishasha kuri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Abashingamateka batoye itegeko rishiraho ibihano bishasha kuri (...)

USA: Abashingamateka batoye itegeko rishiraho ibihano bishasha kuri Irani

mercredi 26 Mukakaro 2017

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 26 Mukakaro 2017, abategetsi b’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko bazofata ibindi bihano ku gihugu ca Irani mu gihe cobandanya gushigikira imirwi y’iterabwoba, guhingura ibirwanisho vya misile hamwe no kwirengagiza amasezerano ku bijanye n’ibirwanisho ruhonyanganda.

Ingingo yemejwe n’abashingamateka, itegekanya gufatira ibihano ibihugu vya Koreya ya Ruguru bivuye ku birwanisho vya misile ibandanya kugerageza mu kirere, hamwe n’Uburusiya hisunzwe ko bivugwa ko ico gihugu civanze mu bijanye n’amatora muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ingingo y’iryo tegeko itowe mu gihe ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump vyari vyagerageje kurihagarika kugira itegeko rya Prezida Trump ku bijanye no gukura ivyo bihano rirengane.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.