Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA: Barack Obama yashikirije ijambo rya nyuma ari umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Barack Obama yashikirije ijambo rya nyuma ari umukuru w’igihugu

USA: Barack Obama yashikirije ijambo rya nyuma ari umukuru w’igihugu

mercredi 11 Nzero 2017

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama yashikirije ijambo rya nyuma ari umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika,aho yagarutse kuvyo yaranguye ari umukuru w’igihugu.

Iryo jambo yarishikiririje muri Reta ya Chicago aho asanzwe avuka. Yavuze ko yakoze ibitari bike mu bijanye n’ubutunzi bwaduze, mu gihe yashitse k’ubutegetsi bugeramiwe, ibikorwa bijanye no kugwanya iterabwoba, kurekurira abipfuza kwubaka bose, no kugwanya ihingurwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda mu gihugu ca Irani.

Barack Obama yamenyesheje ko mu gihe ariko arabisikanya m’umutekano n’uwugiye kumusubirira, intwaro rusangi ya Amerika ibonekera mu migambi yubahiriza abanyagihugu.

Mur’iryo jambo ryo gusezera, Barack Obama yafashe umwanya wo gushimira abamwizeye, ashimira umuryango wiwe, yongera kandi ashimira icegera ciwe Joe Biden, mu kuvuga ko igena ryiwe ryabaye ingingo ya mbere nziza yafashe.

Umukuru w’igihugu Barack Obama yamenyesheje kandi ko yizeye ko naho agiye adahejeje urutonde rw’imigambi yiwe yose, yizeye ko we n’abamufashije bose, bagize uruhara m’ukwubaka igihugu kizorera urunganwe ruzokurikira.

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama azobisikanya na Donald Trump agiye kuramutswa Amerika, kw’igenekerezo rya 20 Nzero 2017, Donald Trump akazoba ari Umukuru w’’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika agira uwa mirongo ine na gatanu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.