Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA: Donald Trump yapfunguje umutamakazi yasabiwe imbabazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > USA: Donald Trump yapfunguje umutamakazi yasabiwe imbabazi

USA: Donald Trump yapfunguje umutamakazi yasabiwe imbabazi

Friday 8 June 2018, by vianney

Amakuru atangwa na CNN, amenyesha ko Donald Trump yafashe ingingo yo gutangaikigongwe kuri Alice Marie Johnson inyuma yaho agiraniye ikiganiro na Kim Kardashian yamusabiye gupfungurwa.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika,White House, vyavuze ko Johnson yapfunguwe kuko yitwaye neza kuva apfungwa gusumba abandi bari bapfungiwe hamwe kandi akaba yarakoze ibintu bitari bike mu kwerekana ko yavavanuye n’ivyo yakora .

Ayo makuru avuga ko igihe uwo mutamakazi yari asohotse ibohero yabwiye abamenyeshamkuru ko yiyumva nkuko ubuzima bwiwe bugiye gutangura gushasha.

Alice Marie Johnson yamenyesheje kandi ko ata vyinshi yarazi kuri Kim Kardashian imbere y’uko atangura igikorwa co kumufunguruza ariko inyuma yaho bagiye bagira ubumwe budasanzwe hagati yabo.

Alice Marie Johnson yashimiye Kim avuga ko ari umumarayika wiwe atigeze acika intege mu gikorwa co kumupfunguza ,yashimiye kandi Donald Trump ku kigongwe yamugiriye.

Kim Kardashian asanzwe ari umunyamideri yagiranye inama idasanzwe na Trump muri White House, bose bemeza ko ibiganiro vyabo vyagenze neza ari naho batanguye gusuzuma ikigongwe uwo munyamideli yasabiye Alice Marie Johnson.

Alice Marie Johnson afise imyaka 63 yari yaciriwe gupfungwa burundu mu mwaka w’i 1997 yagirijwe kwigana amafaranga hamwe no kudandaza ibiyayuramutwe muri Reta ya Tennesse.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.