Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Donald Trump yashinze amakori ku bidandazwa vy’Ubushinwa
USA : Donald Trump yashinze amakori ku bidandazwa vy’Ubushinwa
samedi 16 juin 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ingingo ya Donald Trump y’amakori mashasha ku bidandazwa bigera ku 800 bifise agaciro k’imiriyaridi 34 azotangura gushirwa mu ngiro mu ntango z’ukwezi kw’indwi.
Ayo makuru amenyesha ko, iyo ngingo izoshobora no gutandukira ibindi bidandazwa bifise agaciro k’imiriyaridi 16 ndetse hatangwe n’urundi rugero rw’amakori hamwe Ubushinwa bwokwihora.
Igihugu c’Ubushinwa nabwo buramaze kumenyesha ko buzosubiriza mu nkoko igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
BBC ivuga ko Donald Trump avuga ko gutoza ayo makori bizoba ngirakamaro mu gukumira ko ubumenyi n’uburenganzira ku bikorwa mvabwenge vy’Abanyamerika bikomeza kurungikwa mu Bushinwa.
Umukuru w’ikigega mpuzamakungu FMI, Avuga ko iyo ntambara y’urudandazwa hagati ya Amerika n’Ubushinwa ata n’umwe azoyungukiramwo muri ivyo bihugu vyompi, kandi ishobora kugira ingaruka zikomeye.
MUGISHA Van Naris
Messages
16 juin 2018, 17:30, par Mama
Hahiriwe uwuriko ariyegerez’Africa, kukomumisi nihohazobahari ubutunzi.
Haragowe uwuriko aratakaza ubucunti kuri Africa.