Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA: Donald Trump yatumiye Muhammadu Buhari i Washington - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Donald Trump yatumiye Muhammadu Buhari i Washington

USA: Donald Trump yatumiye Muhammadu Buhari i Washington

mardi 14 Ruhuhuma 2017

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yatumiye umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari kuja mu gisagara ca Washington,mu ntumbero yo kuganira ku bibazo biraje ishinga isi.

Mu kiganiro bagiranye kuri terefone,umukuru w’igihugu ca Nigeriya, Muhammadu Buhari ari i Londres mu Bwongereza yakeje umukuru w’igihugu Donald Trump kuba yatowe ngo arongore igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Donald Trump na Muhammadu Buhari bavuganye ingene bokomeza imigenderanire no gufashanya mu rugamba rwo kurwanya iterabwoba biciye mu kuronka ibikoresho bikenewe muri ico gikorwa.

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yasavye umukuru w’igihugu ca Nigjeriya kubandanya ibikorwa vyiza ariko arakora, harimwo gutabara abigeme 24 bo mu gisagara ca Chibok .

Donald Trump yabwiye umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari ko Amerika yiteguriye gushika ku masezerano mashasha na Nijeriya ku vyerekeye gufasha ico gihugu mu ku giha ibirwanisho bigenewe kurwanya iterabwoba.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.