Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Donald Trump yatumiye Muhammadu Buhari i Washington
USA: Donald Trump yatumiye Muhammadu Buhari i Washington
mardi 14 Ruhuhuma 2017
Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yatumiye umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari kuja mu gisagara ca Washington,mu ntumbero yo kuganira ku bibazo biraje ishinga isi.
Mu kiganiro bagiranye kuri terefone,umukuru w’igihugu ca Nigeriya, Muhammadu Buhari ari i Londres mu Bwongereza yakeje umukuru w’igihugu Donald Trump kuba yatowe ngo arongore igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Donald Trump na Muhammadu Buhari bavuganye ingene bokomeza imigenderanire no gufashanya mu rugamba rwo kurwanya iterabwoba biciye mu kuronka ibikoresho bikenewe muri ico gikorwa.
Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yasavye umukuru w’igihugu ca Nigjeriya kubandanya ibikorwa vyiza ariko arakora, harimwo gutabara abigeme 24 bo mu gisagara ca Chibok .
Donald Trump yabwiye umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari ko Amerika yiteguriye gushika ku masezerano mashasha na Nijeriya ku vyerekeye gufasha ico gihugu mu ku giha ibirwanisho bigenewe kurwanya iterabwoba.
IGIHE