Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA:Donald Trump yatutse abimukira ko bava mu bihugu vy’umwanda
USA:Donald Trump yatutse abimukira ko bava mu bihugu vy’umwanda
samedi 13 janvier 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ikinyamakuru Wahingaton Post kimenyesha ko ku munsi wa kane umukuru w’igihugu Donald Trump yatukiye abimukira mu biro vy’umukuru w’igihugu.
Bivugwa ko Donald Trump yavuze ayo majambo aterekeza ku bantu bamuka kumugabane wa Afrika, mu bihugu vya Haiti hamwe na El Salvador.
Ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntibihakana ivyo yavuze, biriko birasubirwamwo n’ibindi bimenyeshamakuru.
Inyuma y’ayo majambo yavuzwe n’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, abatari bake batanguye gushikiriza aho bahagze, bamwe bamusaba ko yosaba imbabazi.
MUGISHA Van Naris
Messages
13 janvier 2018, 23:07, par MPURU
Andika hano:nah yamazgutera imbere birenze .twes tuzopfa ntawuzorusimba
14 janvier 2018, 00:41, par king
ibyo trump avuga nukuri kabisa murebe ibibera Uganda Uburundi Tanzania Congo aha hose bari kwica bakanirukana bakanambura ikitwa umunyarwanda ... murebe Libya Somalia Sudan .....
18 janvier 2018, 06:30, par Nibaruta J Berchimans
Nukuri Iryojambo Nyamba Yobaryaramucitse Akarivuga,narisabire Imbabazi Kumugaragaro , Mbe Imana Yaremye Umuntumwe . Gusa Nuko Yadutandukanije Kurukoba ,mbe Umuzungu Ntavamaraso Atukura ? Mbe Umwiraburewe ,ntavamaraso Atukura ?