Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA:Donald Trump yavuze ko ashobora kuduza kandi ikori ku bidandazwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > USA:Donald Trump yavuze ko ashobora kuduza kandi ikori ku bidandazwa (...)

USA:Donald Trump yavuze ko ashobora kuduza kandi ikori ku bidandazwa vy’Ubushinwa

Tuesday 19 June 2018, by vianney

Donald Trump yagiriza igihugu c’Ubushinwa ko amashirahamwe yaco yiba abanyagihugu ba Amerika amatungo mu bwenge, ku bidandazwa bitandukanye kigaheza kikongera kubidandaza kur’abo banyagihugu nyene.

Mu gusubiriza mu ndumane igihugu ca Amerika,Ubushinwa bwavuze ko bugiye kuduza ikori ku bidandazwa 659 vya Amerika bifise agaciro k’imiriyaridi 50 y’amadorare y’abanyamerika vyo mu bisata vy’uburimyi,ibijanye n’imodoka hamwe n’ibikoresho bitandukanye bikoreshwa mu mazi aho bizorihishwa ikori ingana n’iryo
Amerika yashiiriyeho ibidandazwa vyo mu Bushinwa.

Igihugu c’Ubushinwa bubandanya buvuga ko niyo Donald Trump yabandanya akora ibi bikorwa agashiraho urutonde rw’ibidandazwa bizodugirizwa ikori na bwo buzofata ingingo ikwiranye nivyo bazoba bakorewe.

Igihugu ca Amerika giheruka kuduza ikori ku bidandazwa vy’Abashinwa nk’amapine, ibikoresho vyo mu nzu n’ibindi.

Mu mwaka wa 2017 Igihugu c’Ubushinwa cinjije ibidandazwa mu gihugu ca Amerika bifise agaciro k’imiriyaridi 505 z’amadorare mu gihe Amerika cinjije mu Bushinwa ibidandazwa bifise agaciro k’imiriyaridi 135 y’amadorare y’abanyamerika.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.