Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA:Donald Trump yemeje Yerusaremu kuba umugwa mukuru wa Isirayeri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA:Donald Trump yemeje Yerusaremu kuba umugwa mukuru wa Isirayeri

USA:Donald Trump yemeje Yerusaremu kuba umugwa mukuru wa Isirayeri

jeudi 7 décembre 2017

Donald Trump yategetse ko ibiro biserukira igihugu ciwe muri Isirayeri biva mu gisagara ca Tel Aviv bikungururizwa i Yerusaremu.

Abakuru b’ibihugu batari bake kw’isi biyamirije iyo ngingo yafashwe na Donald Trump ,kubwa Emmanuel Macron atwara igihugu c’Ubufaransa yavuze ati : “ Iyo ngingo yafashwe irababaje ,igihugu c’Ubufaransa ntikiyishigikiye na gato ndetse iyo ngingo iciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu hamwe n’inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kuko ikibazo ca Yerusaremu cotorewe umuti biciye mu biganiro hagati y’abanyisirayeri ukwabo hamwe n’abanyeparesitina bihagarikiwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu Onu”.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi ,Angel Merkel yamenyesheje ko reta yiwe idashigikiye iyo ngingo, kuko umuti w’ico kibazo uri hagati y’Abanyaisirayeri ukwabo hamwe n’Abanyeparesitina.

Igihugu ca Iran cashikirije ko kitazokwihanganira na gato iyo ngingo aho kiyifata nko guhungabanya hamwe no guhonyanga ibibanza vyeranda vy’idini rya isiramu.

Bitegekanijweko ejo ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 8 Kigarama 2017 inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano izokorana kugira yige iyo ngingo yafashwe n’umukuru w’igihugu Donald Trump.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.