Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA : Umuhanuzi w’umukuru w’igihugu mu bijanye n’ubutunzi yatanze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Umuhanuzi w’umukuru w’igihugu mu bijanye n’ubutunzi yatanze (...)

USA : Umuhanuzi w’umukuru w’igihugu mu bijanye n’ubutunzi yatanze imihoho

mercredi 7 mars 2018

Gary Cohn niwe yari arongoye ivyiyumviro vyari mu nteguro y’itegeko rijanye no kugabanya amakori ryatowe n’inama nshingamateka mu kwezi kwa Kigarama 2017.

Mw’itangazo yashize ahabona, umukuru w’igihugu Donald Trump yashimiye Cohn ku kazi gakomeye yakoze amufasha gushira mu ngiro ivyo yemereye abanyagihugu, yemeza ko afise ubuhinga yisangije.

Amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, amenyesha ko ibiro vy’umukuru w’igihugu ,White House, yahakanye ko atatanze imihoho kubera ingingo zikomeye zifatwa na Donald Trump mu bijanye n’ubudandaji.

Gary Cohn abaye uwugira icenda atanze imihoho canke akirukanwa mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, White House, kuva Donald Trump agiye ku butegetsi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.