Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Umukinyi w’amareresi Healher Lind aragiriza George H.W.Bush (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umukinyi w’amareresi Healher Lind aragiriza George H.W.Bush (...)

Amerika : Umukinyi w’amareresi Healher Lind aragiriza George H.W.Bush kumuhohotera

Thursday 26 October 2017

Umugore Heather Lind yavuze ko igihe bariko barifotoza George H .W yamukorakoye ku mubiri yongera amubwira n’amajambo mabi.

Heather Lind yavuze ati :“Igihe nagirea amhirwe yo guhura na George H. W. Bush mu myaka 4 iheze turi kuremesha ikiganiro c’imboneshahakure yarampohoteye turi kwifotoza,ntiyankoze mu kiganza, yamfashe ahereye inyuma aturutse mu ntebe yari yicayemwo umugore wiwe Barbara Bush ari iruhande yiwe yongera ambwira amajambo atwenza ajanye n’ivyubusambanyi mu mwanya wose twari kwiftoza yaguma ankorakora."

Umuvugizi wa Bush, Jim McGrath, yamenyesheje ko ico gihe ivyakozwe na Bush ko yashaka gutwenza gusa Lind aho yongeye kandi ati nimba yarabifahse nabi,aramusavye imbabazi.

Jim McGrath yagize ati :“Umukuru w’igihugu Bush ntashobora kugirira ibintu nkivyo umuntu abishatse, arasavye imbabazi kubona yaragerageje gutwenza Lind bikagenda nabi.”

Uyo avugira Bush yashikirije kandi ko atari incuro ya mbere Bush ashaka gutwenza abagore muru bwo buryo.

Tubibutseko umukuru w’igihugu George Herbert Walker Bush yatwaye Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuva mu mwaka w’i 1989 gushika mu mwaka w’i 1993 akab kandi ariwe se wa George Bush yatwaye ico gihugu kuva mu 2001 kugeza mu mwaka w’i 2009.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.