Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA:Umukobwa w’umukuru w’igihugu yitavye ibirori vyo gusozera inkino zibera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA:Umukobwa w’umukuru w’igihugu yitavye ibirori vyo gusozera inkino zibera (...)

USA:Umukobwa w’umukuru w’igihugu yitavye ibirori vyo gusozera inkino zibera muri Koreya y’Epfo

vendredi 23 février 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, ibiro vy’umukuru w’igihugu vyamusavye kuja muri ivyo birori , arongoye umurwi waserukiye Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umwe mu basirikare bakomeye bo muri Koreya ya Ruguru, Jenerali Kim Yong-chol, nawe nyene azoba ari muri ivyo birori bitegekanijwe ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2018.

Naho biri uko, ubutegetsi bwa Korea Y’Epfo buvuga ko ata nama itegekanijwe hagati ya Koreya ya Ruguru hamwe naReta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ivanka Trump arasangira ku meza imwe n’umukuru w’igihugu ca Koreya y’Epfo, kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2018.

Inkino zo kunonora imitsi ziba mu gihe c’imbeho, zatanguye kw’igenekerezo rya 9 Ruhuhuma, zikaba ziriko zibera mu gisagara ca Pyeongchang muri Koreya y’Eepfo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.