Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA: Umukuru w’igihugu yakuye mu mabanga uwahora arongoye FBI - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Umukuru w’igihugu yakuye mu mabanga uwahora arongoye FBI

USA: Umukuru w’igihugu yakuye mu mabanga uwahora arongoye FBI

mercredi 10 Rusama 2017

Mw’itangazo rigufi ry’ibiro vy’umukuru w’igihugu, basigura ko James Comey yakuwe muri ayo mabanga bisabwe n’umushikiranganji w’ubutungane, amwagiriza ko atashoboye kuvyifatamwo neza mu matohoza ku bijanye n’ubutumwa bwarungitswe na Hillary Clinton yahiganwe na Donald Trump mu matora y’umukuru w’igihugu.

Ikinyamakuru c’abafaransa RFI gica ku buhinga ngurukana bumenyi kimenyesha ko gukurwa mu mabanga kw’umuyobozi wa FBI bitari bimenyerewe mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kuko amara imyaka 10 muri ayo mabanga kugira ntakoreshwe n’abanyepolitike.

Muri iryo tangazo ry’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bavuga ko igukwa rya James Comey rizotuma ikigo kijejwe igendereza FBI rigira intango nshasha.

Naho James Comey yafashije kugira Donald Trump atsinde amatora, asa n’uwutabonwa neza n’abari ku mpande zibiri zari zihanganye mu matora y’umukuru w’igihugu.


Van Naris MUGISHA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.