Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Donald TRUMP yakuye Amerika mu masezerano y’i Paris - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald TRUMP yakuye Amerika mu masezerano y’i Paris

Donald TRUMP yakuye Amerika mu masezerano y’i Paris

vendredi 2 Ruheshi 2017

Mw’ijambo yashikirije ku mugoroba wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 1 Ruheshi 2017,Donald Trump yavuze ko mu ntumbero yo gushitsa intumbero yihaye zo gukingira Amerika n’abayibamwo,Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizova muri ayo masezerano, ariko mu nyuma hakaba ibiganiro vyo kugaruka mu masezerano biciye mu zindi nzira.

Umukuru w’igihugu Donald Trump yamenyesheje ko amasezerano ya Paris afitiye akamaro igihugu c’Ubshinwa n’Ubuhindi gusa,Amerika nayo taco iyakuramwo.

Yvuze ati “Aya masezerano ni uburyo bwo gukwiragiza ubutunzi bwa Amerika mu bindi bihugu. Ubudandaji bwacu bushobora guhagarara mu buryo butandukanye.Nk’umuntu yitaho ku bidukikije, kandi ndabikora. Sinshobora gushigikira amasezerano ashobora guhana Amerika, nk’uko aya avyerekana.”

Inyuma yo gukura igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu masezerano y’i Paris, Barack Obama yahoze arongoye igihugu yaciye asohora itangazo rijanye n’ingingo ya Donald Trump yo gukura igihugu mu masezerano y’I Paris.

Iryo tangazo rivuga riti “Ibihugu bisigaye mu masezerano y’i Paris nivyo bizoronka umwimbu ku bikorwa n’amahinguriro azoshingwa. Amerika ntiyategerezwa gutangurira ibindi bihugu. Nizeye ko leta, ibisagara, n’ubudandaji bwacu bizobandanya kugira uruhara kandi bigakora neza mu buryo buzofasha abo mu gihe kizoza kugira umubumbe mwiza.”

Amerika yari yemeye ayo masezerano yateweko umukono n’ibihugu hafi 200 mu kwezi kwa 12 umwaka wa 2015 ku butegetsi bwa Obama. Yasaba ko igihugu kigabanya imyuka yonona ikirere irungikwa n’imiburiburi ku bice 30 kw’ijana bitarenze mu mwaka wa 2025.

Amerika ni igihugu ca kabiri kw’isi mu kurungiuka umwuka wa carbone mwinshi mu kirere ,inyuma y’Ubushinwa,bwobwo bubandanya kwerekana ko bushaka gushika ku ntumbero y’amasezerano ya Paris. Carbon nyinshi mu kirere nyuma y’u Bushinwa bwo bushimangira ubushake bwabwo mu kugera ku ntego ziteganywa n’amasezerano ya Paris.

Ayo masezerano ajanye n’ingene hoshirwa mu ngiro ibikorwa vyo kurwanya ibipimo birenze vy’ubushuhe kw’isi,bikaguma hasi ya degre 2,ariko kandi bishobotse bugashika ku gipimo ca degre 1,5.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.