Home > Amakuru > Mu makungu > USA: Umumenyeshamakuru yakuwe mu kazi yagirizwa guhohotera abagore
USA: Umumenyeshamakuru yakuwe mu kazi yagirizwa guhohotera abagore
Tuesday 21 November 2017
Charlie Rose yakorera imboneshakure ya Amerika yahagaritswe mu bikorwa vyiwe kur’uno wa mbere igenekerezo rya 20 munyonyo 2017 inyuma yaho ibirego vyabo bagore bishizwe ahabona.
Ikinyamakuru Washington Post gishikiriza ko abo bagore bamwe bari abakozi bakora aho Charlie Rose yarasanzwe arangurira ibikorwa vyiwe hamwe na bamwe baba barindiriye kuronswa akazi mu kiganiro citwa Show sur PBS hamwe no ku kiganiro co mu gatondo citwa « This morning » co ku mboneshakure CBS.
Umumenyeshamakuru wa Washington Post ,Amy Brittain inyuma yo gushikiriza ko amaze kwakira ubutumwa bwinshi bw’abagore buciye ku rubuga email buvuga ivyerekeye imibonano yabo na Charlie Rose yaciye ahamagarira abantu bose bafise amakuru ku vyerekeye Charlie Rose kuyamurungikira ku rubuga rwiwe rwa email.
Bimwe mu vyo abo bagore bagiriza Charlie Rose harimwo ibijanye no kubahamagara ku materefone ababwira amajambo y’ubuhumbu ,kubakorakora hamwe na babiri muri bo bemeza ko bakuye impuzu zabo basigara bari gusa imbere yiwe.
Charlie Rose afise imyaka 75 yagirizwa ko yahohoteye abo bagore hagati y’imyaka y’i 1990 gushika mu mwaka wa 2011, aho abo bagore bavuga ko bari bafise imyaka iri hagati ya 21 na 37.
Vianney BIKORIMANA