Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA : Umuririmvyi XXXTentacion yitavye Imana arashwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Umuririmvyi XXXTentacion yitavye Imana arashwe

USA : Umuririmvyi XXXTentacion yitavye Imana arashwe

mardi 19 juin 2018

XXXTentacion asanzwe yitwa Jahseh Dwayne Onfroy yarashwe ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 18 Ruheshi 2018 igihe yari avuye aho bagurira imodoka mu gace ka Broward mu Bumanuko bwa Reta ya Florida.

Amakuru y’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko XXXTentacion w’imyaka 20 yarashwe n’abagabo babiri bari bitwaje inkoho, vyikekwa ko bamwishe bashaka kumwiba imodoka agenderamwo naho atayo bashoboye gutwara kuko abatabara baciye bashika kare.

Igipolisi co mu gace ka Broward camenyesheje ko XXXTentacion [Jahseh Onfroy] agiheza kuraswa yaciye ajanwa mu bitaro hafi yaho abaganga bagerageza kumuvura ariko ahava yitaba Imana.

Uwo muririmvyi hari haheze igihe gito atanguye kwibonekeza nk’uwufise kazoza keza mu muziki wa Hip Hop, akaba n’umwe yari mu bandika amajambo yatuma haba aibivugwa vyinshi.

XXXTentacion yatanguye gusohora indirimbo muri Ruheshi 2013 igihe yari avuye mu kigo cigisha urwaruka rufatiwe mu makosa n’ivyaha bitandukanye.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.