Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA:Umwigeme avuga ko yagendanye na Donald Trump yatawe muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > USA:Umwigeme avuga ko yagendanye na Donald Trump yatawe muri (...)

USA:Umwigeme avuga ko yagendanye na Donald Trump yatawe muri yompi

Friday 13 July 2018, by vianney

Amakuru dukesha BBC amenyeshako Stormy DANIELS yatawe muri yompi yagirijwe ko yahaye uruhusha umuntu yari murubwo butambiro akamukorako ariko aratamba imbere.

Uyo mukobwa abicishije k’urubuga ngurukana bumenyi yashize ahabona amafaranga ashobora gutanga kugira ashobore kurekurwa vy’agateganyo mu gihe uwumwunganira muvy’amategeko yavuze ko atemera ivyo uwo aburanira yagirizwa kuko vyateguwe kandi bifise imvo za poritike.

Amategeko yo muri Reta ya Ohio rirabuza umuntu wariwe wese gukora ku mutamvyi ari gusa canke yambaye agahuzu k’imbere gusa kiretse iyo muzinanyi gusa.

Stormy DANIELS yarahuye n’ibibazo igihe yamenyeshako yagendanye n’umukuru w’igihugu Donald Trump mu mwaka wa 2006, imbere yuko Donald Trump aba umukuru w’igihugu ariko Trump ubwiwe yagumye amwiyamiriza avuga ko uyo mukobwa ashaka kumutyoza gusa.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.