Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umwuzure watumye abantu 2000 bahunga igisagara ca (...)
Amerika : Umwuzure watumye abantu 2000 bahunga igisagara ca Houston
mardi 29 Myandagaro 2017
Umukuru w’intara ya Texas Greg Abbott, ibangamiwe cane n’igihuhusi ciswe Harvey yavuze ko naho hari amakuru yavuga ko hari abapfuye, wewe adashobora kwemeza ko hari abapfuye bivuye kuri uwo mwuzure.
Uwundi mutegetsi mu karere ka Harris kari mu gisagara ca Houston, Darryl Coleman yavuze ko amatohoza akibandanya kugira bamenye namba hari abapfuye bahitanywe n’umwuzure.
Abantu 2000 bahungishijwe umwuzure mu gisagara ca Houston, mu gihe igihuhusi Harvey cariko kirabica bigacika, n’imvura nyinshi mu ntara ya Texas.
Igisata kijejwe gukurikirana ihindagurika ry’ikirere kivuga ko hari ihindagurika ry’ikirere muri ako karere, ku rugero rutari bwigere ruboneka.
MUGISHA Van Naris
Messages
29 Myandagaro 2017, 11:44, par nephtalie
Birababaje abantu 2000 ni benshi cane kwumva bataye izabo kubw’uwo mwuzure.Imana nirabe amagorwa barimwo ibatabare.