Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA: Uwaheruka gukenwa gutwara igisirikare co mu mazi yavuye muri ayo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Uwaheruka gukenwa gutwara igisirikare co mu mazi yavuye muri ayo (...)

USA: Uwaheruka gukenwa gutwara igisirikare co mu mazi yavuye muri ayo mabanga

lundi 27 Ruhuhuma 2017

Philip Bilden yaheruka kugenwa n’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump mu mabanga yo kurongora igisirikare kirwanira mu mazi yavuye muri ayo mabanga.

Philip Bilden yavuze ko yasanze bitabereye ko abandanya ayo mabanga kubera amategeko agenga inyungu z’umuntu ku giti ciwe be n’inyungu z’igihugu.

Philip Bilden yatowe na Donald Trump nk’umushikiranganji w’igisirikare kirwanira mu mazi, Navy, yasiguye ko afise impungenge ku bijanye n’ubuzima bwiwe hamwe n’ibibazo yohura navyo agerageza gutandukanya ubuzima bwiwe n’ibikorwa vy’urudandazwa asanzwe akora.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jim Mattis, yavuze ko mu minsi ya vuba azotangaza izina ry’uwosubirira Philip Bilden yavuye mu mabanga yo kurongora igisirikare kirwanira mu mazi.

Mu ntango z’ukwezi kwa kabiri ,umunyamabanga mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, Vincent Viola, nawe yaratanze imihoho.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.