Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubudagi : Angela Merkel yatowe gutwara Ubudagi ku ncuro ya kane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi : Angela Merkel yatowe gutwara Ubudagi ku ncuro ya kane

Ubudagi : Angela Merkel yatowe gutwara Ubudagi ku ncuro ya kane

lundi 25 Nyakanga 2017

Amakuru avuga ko umugambwe wa Angela Merkel ariwo Christian Democrat party’s (CDU) waronse amajwi 32,5% vyatumye uwo mugambwe uronka intebe nyinshi mu nama nshingamateka.

Umugambwe SPD waronse amajwi 20%, umugambwe nawo usanzwe utabonana n’idini ry’abaisiramu, AFD waronse amajwi 13,5%.

Amajwi yatahukanywe n’umugambwe SPD urongowe na Martin Schulz yahoze atwara inama nshingamateka y’umuryango w’Abanyaburaya, yatumye atazoshobora gutwara ico gihugu nk’uko yavyipfuza.

Martin Schulz yamenyesheje abamenyeshamakuru ati : “N’umusi mubi kuri twebwe kuko tutashoboye gushika ku cipfuzo cacu.”

Umugambwe AFD waronse amajwi abantu benshi batari biteze ko ushobora kuronka, kuko ribaye irya mbere uronka intebe mu nama nshingamateka.

Angela Merkel w’imyaka 63 yatanguye gutwara Ubudagi mu mwaka wa 2005 ubu akaba agiye gutwara ico gihugu ku ncuro ya 4.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.