Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi: Franck-Walter Steinmeier yatowe kuba umukuru w’igihugu
Ubudagi: Franck-Walter Steinmeier yatowe kuba umukuru w’igihugu
lundi 13 Ruhuhuma 2017
Franck-Walter Steinmeier niwe yatowe ngo abe umukuru w’igihugu c’Ubudagi mu matora yabaye kuw’Imana igenekerezo rya 12 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.
Franck-Walter Steinmeier yahora ari umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubudagi n’ibindi bihugu, yatowe n’abantu 931 ku bantu 1239 batoye.
Mu gihugu c’Ubudagi,ikibanza co kuba umukuru w’igihugu ni ikibanza c’iteka kuko igihugu kirongorwa n’umushikiranganji wa mbere, uwo nawe muri iki gihe akaba ari umukenyezi Angela Merkel.
Franck-Walter Steinmeier asubiriye Joachim Gauck atasubiye kwitoza, ku mvo z’imyaka.
IGIHE