Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa : Emmanuel Macron yiyemeje kugwanya ibikorwa vy’abimukira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Emmanuel Macron yiyemeje kugwanya ibikorwa vy’abimukira

Ubufaransa : Emmanuel Macron yiyemeje kugwanya ibikorwa vy’abimukira

mardi 29 Myandagaro 2017

Emmanuel Macron yavuze ko abasaba ubuhungiro bobigirira mu bihugu vyabo nko muri Libiya, Tchad na Niger.

Abarongozi bitavye iyo nama bavuze ko bipfuza ko igitigiri c’abimukira cogabanuka, kuko igitigiri kinini cabo kigira ingaruka kubo basanze mu bihugu bibakiriye.

Igihugu c’Ubutariyano casavye mur’iyo nama ko ishirahamwe rya Buraya ryofasha ico gihugu kuko ibigo bisanzwe vyakira abo bimukira vyarengewe n’ico gikorwa.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubudagi Angela Merkel yavuze ko ata nyishu nziza y’ikibazo c’abimukira hatateguwe kazoza keza ku bantu bo ku mugabane ba Afirika , mu bijanye n’iterambere kugira bashobore no kugwanya abakora urudandazwa rw’abimukira.

Tubibutse ko amafaranga imiriyaridi 18 z’amafaranga y’abanyaburaya ariyo yatanzwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, mu mugambi wo kugwanya abimukira binjira kur’uyo mugane.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.