Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Umukuru w’abasirikare yatanze imihoho
Ubufaransa : Umukuru w’abasirikare yatanze imihoho
mercredi 19 Mukakaro 2017
Inkuru ziva aho mu gihugu c’Ubufaransa zimenyesha ko Pierre de Villiers yashikirije iryo kete ryo gutanga imihoho,mu gihe hari haheze imisi hari impari hagati y’abarongozi zerekeye uburyo bukoreshwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.
Mu gushikiriza iryo kete ,Pierre de Villiers yavuze ati : « Nafashe ingingo y’ivyo nabwirizwa gukora mu gushikiriza umukuru w’igihugu ko ntanze imihoho.»
Mw’itangazo yarungikiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu gihugu c’Ubwongereza Reuters ,Pierre de Villiers yavuze ati : «Ndabona ko ntabaye akarorero mu gisirikare ku mwanya ukwiye ,nasanze ntashoboye gukora neza ibikorwa vyo gukingira Ubufaransa n’abafaransa.»
Hari haciye imisi mike Pierre de Villiers amenyesheje ko Reta y’Ubufaransa yari imaze imisi itanga amategeko kur’ubwo bushikiringanji ajanye n’uburyo Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi butegerezwa gukoresha, vyatumye bitera ukutumvikana hagati y’igisirikare n’abajejwe intwaro bituma abasirikare bamwe bamwe bunguruzwa aho bakorera.
Vianney BIKORIMANA