Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa : Umukuru w’igihugu yakiriye umwimukira yarokoye umwana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Umukuru w’igihugu yakiriye umwimukira yarokoye umwana (...)

Ubufaransa : Umukuru w’igihugu yakiriye umwimukira yarokoye umwana kw’igorofa

lundi 28 mai 2018

Mamoudou Gassama w’imyaka 22 y’amavuka, yarokoye uwo mwana aho yari kw’igorofa yo hejuru agomba akoroke, aca ava ahasi mu mwanya udashika n’umunota kugira arokore uwo mwana.

Ibinyamakuru vyo mu Bufaransa bimenyesha ko, Mamoudou Gassama, yariko arengana nk’abandi bose mu gisagara ca Paris, ariko ashitse abona abantu batamariye uwo mwana yagomba akorokere hasi, aca aduga kw’igorofa ya kane kumukurayo.

Ikinyamakuru Lemonde.fr, kimenyesha ko Mamoudou Gassama yakiriwe n’umukuru w’igihugu Emmanuel Macron kugira amushimire ku gikorwa ciza yakoze, akarokora ubuzima bw’umwana.

Lemonde.fr kimenyesha ko, umukuru w’igihugu Emmanuel Macron yasavye ko, mu gihe Mamoudou Gassama yari abaye mu Bufaransa ata mpapuro afise, yoca atunganirizwa vyihuta,agahabwa n’ubwenegihugu bw’ubufaransa, aca amusaba mbere ko yoca aja mu rwego rw’abakinga ibiza mu gihugu c’Ubufaransa.

Ikinyamakuru Lemonde.fr kimenyesha ko umuvyeyi w’uwo mwana yamaze kubazwa kugira bamenye ico yakoze, kuri ivyo vyashikiye umwana, uwo mwana nawe ajanwa mu kigo gifasha abahuye n’impanuka.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.