Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Umukuru w’igihugu yakiriye umwimukira yarokoye umwana (...)
Ubufaransa : Umukuru w’igihugu yakiriye umwimukira yarokoye umwana kw’igorofa
lundi 28 mai 2018
Mamoudou Gassama w’imyaka 22 y’amavuka, yarokoye uwo mwana aho yari kw’igorofa yo hejuru agomba akoroke, aca ava ahasi mu mwanya udashika n’umunota kugira arokore uwo mwana.
Ibinyamakuru vyo mu Bufaransa bimenyesha ko, Mamoudou Gassama, yariko arengana nk’abandi bose mu gisagara ca Paris, ariko ashitse abona abantu batamariye uwo mwana yagomba akorokere hasi, aca aduga kw’igorofa ya kane kumukurayo.
Ikinyamakuru Lemonde.fr, kimenyesha ko Mamoudou Gassama yakiriwe n’umukuru w’igihugu Emmanuel Macron kugira amushimire ku gikorwa ciza yakoze, akarokora ubuzima bw’umwana.
Lemonde.fr kimenyesha ko, umukuru w’igihugu Emmanuel Macron yasavye ko, mu gihe Mamoudou Gassama yari abaye mu Bufaransa ata mpapuro afise, yoca atunganirizwa vyihuta,agahabwa n’ubwenegihugu bw’ubufaransa, aca amusaba mbere ko yoca aja mu rwego rw’abakinga ibiza mu gihugu c’Ubufaransa.
Ikinyamakuru Lemonde.fr kimenyesha ko umuvyeyi w’uwo mwana yamaze kubazwa kugira bamenye ico yakoze, kuri ivyo vyashikiye umwana, uwo mwana nawe ajanwa mu kigo gifasha abahuye n’impanuka.
MUGISHA Van Naris
Messages
28 mai 2018, 19:46, par Jag
Uwomuntu Yarakoz Iciza Gishimishabantu Ndetse N’imana.Ndets Izimwongere Imigish