Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Uwukekwako igitero yarashwe n’umusirikare
Ubufaransa : Uwukekwako igitero yarashwe n’umusirikare
vendredi 3 Ruhuhuma 2017, par
Umusirikare w’umufaransa yari acungereye umutekano i Louvre, mu gisagara ca Paris yarashe uwukekwa kugira igitero, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru.
Bivugwa ko uwo musirikare yagizweko igitero n’imbugita, uwari amuteye akaba yakomeretse cane, nk’uko bivugwa na BBC.
Uwo yagize ico gitero yariko aragerageza kwinjira mu nzu ndangakaranga. Hari igikorwa c’umutekano gikomeye kiriko kirakorwa i Louvre hamwe no yandi mazu y’ubudandaji ahegereye.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko ico gitero "gikomeye", abantu bose bakaba bavanywe i Louvre.
Umuvugizi w’igiporisi c’Ubufaransa avuga ko uwo yeteye yasemereye ngo "Allahu Akbar", bisigura mu carabu "Imani ni yo nkuru".
Nta bintu biturika yari yitwaje, ariko inkuru zikavuga ko yari yitwaje isandugu imwe canke zibiri.
IGIHE
Messages
4 Ruhuhuma 2017, 02:03, par Morodikayi Jon
Abafarasa mwakoze kwikurako uwo mugesera.
6 Ruhuhuma 2017, 15:26, par NDAYIKENGURUKIYE B.
Ko muticaranye mugire ibiganiro , iyo hakaba mu Burundi ngo agateka ka zina muntu ntikubahirijwe
7 Ruhuhuma 2017, 21:37, par Nduwayezu
Mpora mbibuga ubundi iyi dini ya Islam yintagondwa yaciwe burundu kwisi abantu bakakira umwami yesu akabayobora