Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda : Abakozi 4 ba Reta bakuwe mu kazi bagirizwa kubesha ibitigiri (...)
Ubuganda : Abakozi 4 ba Reta bakuwe mu kazi bagirizwa kubesha ibitigiri vy’impunzi
samedi 10 février 2018
Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru Guardian, umukuru w’urwego rujejwe impunzi mu gihugu c’Ubuganda, Apollo Kazungu, hamwe n’abandi bayobozi batatu bariko baragirwako amatohoza.
Amakuru dukesha ikinyamakuru ca BBC gikorera ku buhinga ngurukanabumenyi, amenyesha ko bagirizwa kuba barakoranye muri ico gikorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ishirahamwe rijejwe ibifungurwa kw’isi, PAM.
Guardian ivuga ko kubera ivyo vyagiriji nyene, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ishirahamwe rya Buraya hamwe n’Ubwongereza, vyose biriko biragabisha ko bigiye guhagarika imfashanyo biha ico gihugu.
Ikinyamakuru Ugandan Daily Monitor, catanguye gutangaza ivyo vyagiriji, kivuga ko ico kibazo catanguye kuvugwa n’uwuserukiye ONU mu gihugu c’Ubuganda, Rosa Malango.
Umushikiranganji w’Ubuganda ajejwe impunzi no gukinga ibiza, Musa Ecweru, yavuze ko ingingo zizofatwa kugira ntihazosubire kuba ibikorwa vya magendu, ivyo bigashobora guca mu gukoreshwa ubuhinga bwa none, mu kwandika impunzi zose zinjira mu gihugu..
MUGISHA Van Naris