Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuganda : Abakozi 4 ba Reta bakuwe mu kazi bagirizwa kubesha ibitigiri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda : Abakozi 4 ba Reta bakuwe mu kazi bagirizwa kubesha ibitigiri (...)

Ubuganda : Abakozi 4 ba Reta bakuwe mu kazi bagirizwa kubesha ibitigiri vy’impunzi

samedi 10 février 2018

Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru Guardian, umukuru w’urwego rujejwe impunzi mu gihugu c’Ubuganda, Apollo Kazungu, hamwe n’abandi bayobozi batatu bariko baragirwako amatohoza.

Amakuru dukesha ikinyamakuru ca BBC gikorera ku buhinga ngurukanabumenyi, amenyesha ko bagirizwa kuba barakoranye muri ico gikorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ishirahamwe rijejwe ibifungurwa kw’isi, PAM.

Guardian ivuga ko kubera ivyo vyagiriji nyene, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ishirahamwe rya Buraya hamwe n’Ubwongereza, vyose biriko biragabisha ko bigiye guhagarika imfashanyo biha ico gihugu.

Ikinyamakuru Ugandan Daily Monitor, catanguye gutangaza ivyo vyagiriji, kivuga ko ico kibazo catanguye kuvugwa n’uwuserukiye ONU mu gihugu c’Ubuganda, Rosa Malango.

Umushikiranganji w’Ubuganda ajejwe impunzi no gukinga ibiza, Musa Ecweru, yavuze ko ingingo zizofatwa kugira ntihazosubire kuba ibikorwa vya magendu, ivyo bigashobora guca mu gukoreshwa ubuhinga bwa none, mu kwandika impunzi zose zinjira mu gihugu..


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.