Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuganda : Museveni aragiriza ONU kugira uruhara mw’iterabwoba muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda : Museveni aragiriza ONU kugira uruhara mw’iterabwoba muri (...)

Ubuganda : Museveni aragiriza ONU kugira uruhara mw’iterabwoba muri Kongo

jeudi 18 janvier 2018

Amakuru dukesha ikinyamakuru RFI, Yoweri Museveni, muri iryo tangazo yashikirije ko igisata ca ONU, gikorera mu gihigi ca Kongo arico gituma haguma ibikorwa vy’iterabwoba.

Museveni avuga ati :« Igisata ca ONU muri Kongo nico gituma iterabwoba rigumaho.Abakora iterabwoba nta nguvu bafise.Bafise ukwidegemvya guhagije, ariko ntaco bigera bashikako. »

Iryo tangazo ryasohotse inyuma y’umubonano umukuru w’igihugu Yoweli Museveni yagiranye n’umurwi wa ONU urongowe na Dimitri Titov, ariko akora amatohoza ku gitero giherutse kuba aho cahitanye abasirikare 15 ba ONU bakomoka mu gihugu ca Tanzaniya.

Ico gitero kikaba cagirijwe umugwi w’abagwanyi wa ADF.Igisirikare c’Ubuganda kikaba caciye gikora igitero kur’abo barwanyi, aho bashikirije ko abarwanyi barenga ijana bahasize ubuzima.

Ku ruhande rw’igisirikare c’Ubuganda, umuvugizi w’igisirikare avuga ko biteguriye gufasha kugira umutekano ugaruke mu buseruko bwa Kongo, mu gihe bobisabwa.

Igihugu c’Ubuganda kikaba caheruka kwagirizwa n’igisata mpuzamakungu c’ubutungane ko gihonyama ubwigenge bw’igihugu ca Kongo mu kucinjirira ku butaka.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.