Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuganda: USA yemeye gutanga imiliyoni 25 z’amadolare yo gufasha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda: USA yemeye gutanga imiliyoni 25 z’amadolare yo gufasha (...)

Ubuganda: USA yemeye gutanga imiliyoni 25 z’amadolare yo gufasha impunzi

mercredi 15 Ruhuhuma 2017

Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cemeye ko kigiye gutanga amafaranga angana n’imiliyoni 25 arenga kuyo cahora gitanga, mu ntumbero yo gufasha igihugu c’Ubuganda mu bikorwa vyo kwakira impunzi.

Ayo mafaranga azofasha mu bikorwa vyo kuronsa amazi meza impunzi hamwe no kubafasha guteza imbere ibijanye n’ubuzima mu makambi y’impuzi. Azofasha kandi mu kugabanya amabi afatiye ku gitsina hamwe no gukomeza umutekano mu makambi y’impuzi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko kuva umwaka wa 2017 utanguye, impunzi ziva mu gihugu ca Sudani y’Ubumanuko ziyongera gushika 4000 ku munsi bigatuma abamaze gushika baba 52000.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikamenyesha kandi ko igihugu c’Ubuganda cakira impunzi zirenga umuliyoni, igice cabo kikaba kiva mu gihugu ca Sudani y’Ubumanuko.

Igihugu c’Ubuganda kirategekanya gutanga amatongo ku mpunzi, ariko ico kibazo catumye haba impari n’ingwano hagati y’abajejwe umutekano n’abanyagihugu baba hafi yaho Reta igomba gutanga.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.