Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuganda : Umushingamateka yasabwe gusaba imbabazi abakenyezi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda : Umushingamateka yasabwe gusaba imbabazi abakenyezi (...)

Ubuganda : Umushingamateka yasabwe gusaba imbabazi abakenyezi bahohoterwa

mardi 13 mars 2018

Umushingamateka Onesimus Twinamasiko yavugiye ku mboneshakure yo mu Buganda , NTV, ko nk’umuntu w’umugabo ategerezwa guha indero umugore wiwe.

Uwo mushingamateka yavuze ati :"Utegerezwa kumukorako gato, ukamutega umutego, ukamukubita kugira umushire ku murongo."

Ivyo yavuze vyariyamirijwe cane ku mbuga ngurukanabumenyi, umwe mu bakomeye baharanira agateka k’abagore mu gihugu c’Ubuganda avuga ko uwo mushingamateka yari akwiye kwivuza.

Diana KAGERE wo mu kigo kirwanira agateka k’abagore, CEDOVIP, yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko Onesimus Twinamasiko yari akwiye gusaba ikigongwe ku mugaragaro abagore bose bahohoterwa.

Mu gihugu c’Ubuganda abagore barenga umwe kuri batanu bafise imyaka iri hagati ya 15 na 49 baramaze guhohoterwa muhira, canke bagashurashuzwa ku nguvu , nk’uko biri mu cigwa ca Reta y’Ubuganda co mu mwaka uheze wa 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.