Accueil > Ubutunzi > Ubugenduzi bwa Reta bwasabwe kugenzura ingene amakori yatojwe na Reta (...)
Ubugenduzi bwa Reta bwasabwe kugenzura ingene amakori yatojwe na Reta akoreshwa
jeudi 20 Ndamukiza 2017, par
Ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abantu guhindura ingendo rivuga ko bitumvikana ingene OBR ibandanya kumenyesha ko amafaranga ico kigo cinjiza abandanya kwiyongera kandi ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi bwaragabanutse, ubukene nabwo bwariyongereye mu banyagihugu.
Muri PARCEM bamenyesha ibiharuro bishikirizwa na OBR bitera amakenga, kubera icegeranyo cahora cerekana ingene umwimbu winjiye wakoreshejwe kitagikorwa.
Fastin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM asaba ubugenduzi bwa Reta ko bwogenzura ingene amakori yatojwe na Reta akoreshwa.
Mu kigo OBR bavuga ko mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2017, ikigo OBR cinjije mu kigega ca Reta amakori agera ku miriyaridi 178.6, hakaba hari hategekanijwe ko hokwinjiye ayangana imiriyaridi 170.7
Muri OBR barabiye ku makori yatanzwe mu mwaka uheze muri ico kiringo nyene, basanga harengako imirayiridi 28.8
IGIHE
Messages
21 Ndamukiza 2017, 06:28, par Nishimwe Jerome
Twebwe Abanyagihugu Ntitubona Impamvu Ituma Ibintu Biguma Biduga Kugiciro Twari Dusangany None Bizogenda Gute Ko Abenegihu Bagiy Kwicwa Nakigoyi
23 Ndamukiza 2017, 12:18, par <>
kubwanjeniyumvirakoumutungowa 0retawobaunyuruzwakuberako retairakenyemugaboukumvang’ama koriatozwanimenshiutabonaiyo aja