Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuhindi : Ingwe yatumye urubanza rw’ubugeni ruhagarara
Ubuhindi : Ingwe yatumye urubanza rw’ubugeni ruhagarara
jeudi 14 décembre 2017
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko iyo ngwe yinjiye ahariko habera urubanza,isimvye uruzitiro rw’ikibanza cariko kiberamwo ubukwe, ivuye mw’ishamba riri hafi yaho.
Ayo makuru nyene amenyesha ko amasanamu yafashwe yerekanye abantu bahunga n’ubwoba bwinshi cane, ariko akaba atanumwe yakomeretse,uretse umukenyezi umwe aba mu kigwati kiri hafi yaho.
Abajejwe amashamba muri iyo ntara ya Madhya Pradesh bamenyesheje ko bariko bakurikiranira hafi iyo ngwe, ishobora kuba yirukanywe aho yaba n’iyindi ngwe iyirusha ubuto.
MUGISHA Van Naris